HOT NEWS| ARNOVIC yagaragaje umubabaro wiwe inyuma yo kubura ikibanza ca mbere muri IZERE AWARD

Spread the love

Inyuma yaho Ihiganwa IZERE AWARD ryateguwe n’Isamirizi IZERE FM yo mu Ntara ya RUMONGE riragiwe bikagaraga neza ko umuririmvyi TISARONICK atahukanye ikibanza ca mbere agakwirikirwa na ARNOVIC mu kibanza ca kabiri.

ARNOVIC yagize ico ashikirije mu kwerekana amakenga yiwe muri bamwe mubari bagize inama ntangamanota ariyo  JURY.

Uyo muririmvyi abicishije kurubuga rwiwe rwa FACEBOOK yanditse amajambo akwirikira:

Nashaka nfate kano kanya ngo ndabashimire mwese baririmvyi bagenzanje twahiganwa,nshimire vyumwihariko #radio #izerefm yateguye ihiganwa ryagakura ryitiriwe #izere #award ,mwabiteguye neeeeeeeza caaaane vrm ntamuririmvyi yobidogera namba
Arik nashaka kuvuga kuvyerekeye #jury kuko vyarabonetse nezako iriko irakora ukutariko arinacogituma vyagaragaye mwijambo ryababaje benshi rivuye mukanwa kumwe mubakuru ba membres de jurys,
Ahagaze imbere yabantu isinzi aravuga ati:
“ndakunda reggae music numutima wanje ,uranezereje, uzoze ndagukorere indirimbo yagusa muri studio yanje…………… ”
Narababajwe caaaane nuko hari abatwara ibibanza badakwiye kubera fanatisme yabaye mûri jury en + agaca abigaragaza mwijambo….
Harambe urukundo mubaririmvyi bomurumonge kandi ntiducanemwo ahubwo dukomereze aho
Ibisigaye #izerefm ndabakomeye amashi murabantu babagabo peeee….

Nduwo kumashuha #ARNOVIC”

Nkwibutse yuko ARNOVIC yatahukanye agashimwe kangana 700.000 FBU inyuma yaho TISARONICK yabaye uwambere atahukana agashimwe kangana na 1.000.000FBU.

Bandanya uraba indirimbo yiwe ya POLE POLE ngaha.

SANGIRA IYI NKURU N’ABANDI.

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat