Hot News| Encyclopédie de la musique Burundaise nico gitabo Femi de J’Abat agiye gutangura kwandika.

Spread the love

Umwanditsi w’indirimbo ”Kuba kw’isi nukwitonda” indirimbo yabiciye bigacika aho hambere hahise,Minani Felicien Nsengiyumva abenshi bita Marechard Femi de J’Abat aritezwe i Bujumburu k’uyu wambere igenekerezo rya 29 Nzero 2018.

Intumbero y’urugendo rwiwe mu gihugu ciwe c’amavukiro u Burundi,aje gushira ahabona umugambi wiwe afise wo kwandika igitabo azokwita ”Encyclopedie de la musique Burundaise”.kikaba kizoba kirimwo kahise k’umuziki ndundi n’abaririmvyi bose bagiye barandika amateka.

Ico gicocoro muri kahise k’umuziki w’uburundi akaba amenyeshako ico gitabo azocandika kugirango kahise k’umuziki w’uburundi ntikazimangane.

Ishingwa kumugaragaro kw’ico gikorwa co kwandika icogitabo rikabarizoba kw’igenekerezo rya 31 Nzero uyu mwaka nyene.

Ikindi kizanye uyo muririmvyi n’ugutanguza icese ibikorwa vya  Fondation yataziriye ‘‘Fondation Femi de J’Abat”.

Navyo mu bikorwa izokora hariho kwitaho ibijanye n’umuziki w’uburundi no gufasha imiryango y’Abatwa n’abantaho nikora.

Mukamenya ko MINANI Felicien Nsengiyumva asanzwe aba muri Norvège n’umuryango wiwe.

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat