HOT NEWS/KUZIHAGARIKA MU BINYAMAKURU NTACO BIKIMAZE

Spread the love

Inyuma y’ukubona indirimbo 2 z’umuririmvyi Double Jay zisohoka bidaciye mu mategeko, bisigura ata mukono wa Management yahoramwo kuko ari nabo bazikoze ariyo Ikoh Multiservice, uwuyirongoye yavuye mu gacerere avug’ati:”indirimbo So fine na Nivyo ntizisubire kuvuga kw’iradiyo n’imwe.” Ikoriciza Harouna ntiyahereje aho yabandanije ngo:”abajejwe amatohoza bariko barabandanya batohoza hamenyekane ingene zashoboye gusohoka, inyuma yaho niho hazotangwa uruhusha rwo kuzivuza mubamenyeshamakuru.”

Ikanyamakuru canyu NGM257.com nticatevye kurondera uwashizemwo ijwi ariwe Double Jay, kubwiyo ngingo ya Ikoh, nawe ngo:”Uruhusha ni rwabo, kuko indirimbo n’izabo,ariko kuzihagarika zamaze kugera mu bantu ntaco bikimaze, ahubwo nibarabe izisigaye nazo ntibishike nkuko vyabaye kurizi.”

twobamenyesha ko izo ndirimbo ubu aho zigeze saho gusubira inyuma. Umviriza Sivyo by Double jay ft Channy queen uciye ngaha

Uhejeje uce wumviriza na So fine by Double Jay

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat