Hot News| TITUS DA SAILOR amenyesha ko ahevye umuziki.

Spread the love

Inyuma yo gukora indirimbo nka #IKIROROGE, Umuririmvyi TITUS DA SAILOR amenyesha ko ahagaritse umwuga wo kuririmba, akaba agiye kubandaniriza ubuzima bwiwe mwishirahamwe rijejwe kwegeranya amakori ya leta (OBR) hariya mu ntara ya Gitega inyuma yaho arose akazi mur’iryo shirahamwe.

TITUS arabandanya avuga ko atabatanye urugamba, Kimwe gusa ngo azobakumbura kandi ngo yakoze indirimbo nyinshi kandi nziza ngo ntarungu muzogira.

Mukurangiza arashimira umuntu wese yagize ico akora kugira indirimbo ziwe zimenyekane ngo mwamubereye umuvukanyi.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yanditse amajambo akwirikira:

#UMUZIKI_UMUSHATSI kwaheri ubu narose akazi muri OBR GITEGA niyo mbarizwa!!!

Mwarakoze kunyereka urukundo kundirimbo zanje nari maze kubashikiriza ubu nkaba ngarukirije aha kuririmba ngiye guhindura ubuzima gato ariko turikumwe igihe cose kimwe gusa uko warunzi siko nkiri!!

Akajambo wontekerera kamwe gusa kuba mpinduye inzira ndagashima!!

#Indirimbo nakoze ni nyinshi ntarungu muzogira kandi ndabakunda cane mwambereye abavukanyi beza!!love n peace my #lovely_people duhurire mubundi buzima!!

shalom”

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat