HOT NEWS/UMUKURU W’IGIHUGU YASUBIRIYE GUSHIMIRA NATASHA

Spread the love

Kur’uno musi uri hejuru, niho Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero NKURUNZIZA, yakira mu biro vyiwe umuririmvyikazi NGENDABANKA Natacha arikumwe n’umufasha wiwe Alfredo FROJO.

Muvyahavugiwe vyose, kimwe mwomenya nuko Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi yongeye gushimira Natacha La Namba La Bamba ubugira kandi, uko gushimirwa nkuko amakuru duhabwa na Rafael NYANDWI akurikirana amakuru ya Natacha akanayatanga yatubwiye ati:”Invo nyamukuru yo gushimirwa n’ukungene aguma akora ibikorwa bitari bike na cane cane abicishije mu ndirimbo zifasha mu gutumira abarundi kubana neza eka no kwerekana ishusho ryiza ry’igihugu mu makungu.

Natacha akaba yashimiye Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’uBurundi kukungene abandanya afata mu mugongo abaririmvyi bacu. Twobamenyesha ko ar’inyuma y’amezi make ashoboye guhabwa agashimwe nk’umuririmvyikazi yavyishamwo neza, eka akanaba umuririmvyi wambere ahawe ako gashimwe kama katanzwe kumusi wo guhimbaza ukwikukira kw’uBurundi.

 

Raba uko yashoboye guhabwa agashimwe kumusi wo guhimbaza isabukuru ry’ukwikukira kw’uBurundi

 

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat