Hot News|Menya icatumye umuhinyanyuzi CHID PROFESSIONAL ava muri ZENGES RECORDS

Spread the love

Inyuma yaho hari amaze imisi itari mike bivugwa yuko Umuhinyanyuzi CHID PROFESSIONAL yahora akorera muri STUDIO ya ZENGES RECORDS atakihakora,ubu vyamenyekanye neza na neza ko yavavanuyi n’iyo STUDIO.Amakuru dufise aremeza neza cane ko uyo muhinyanyuzi uvu abarinzwa muri Studio nshasha ya HOPE TALENT RECORDS isanze yuguruwe muri ino misi mw’Ijabe.

Twaragerageje kurondera uyo muhinyanyuzi hamwe n’abari barongoye ZENGES RECORDS kugira bagire ico batubwiye kuko inkuru twumva zavuga yuko uyomuhinyanyuzi yoba yagiye adasezeye.

CHID PROFESSIONAL ubwiwe yatubwiye yuko ZENGES bakoranye neza gusa iyo umuntu akoze akazi neza nawe kandi aragahembegwa hama nawe agaheza akarangura iyindi migambi.

ZENGES RECORDS bobo batubwiye yuko atakibazo nakimwe bigeze bagiriranira n’uyo muhinyanyuzi ahubwo baravavanuye neza ata ngorane n’imwe ihabaye.

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat