Konzi ya Fizzo yaraye ikubise Sat b

Spread the love

Inyuma y’amasaha atarenze 12 indirimbo “Konzi by Fizzo” igiye ku mugaragaro, indirimbo iriko irerekena umuvuduko mu kurabwa uteye ubwoba, Sat b ntiyasigaye inyuma mu guhamagarira kubwinshi abakunzi biwe ibinyuranye nuk’uwushaka impinduka mur’uwumukino.

Igitangaza abakunzi bumuziki ndundi, ni ukubona ubutumwa bwo gusaba abakunzi biwe gufat’amasanamu y’indirimbo konzi bakayatanga kubuhinga ngurukana bumenyi bwa Whatsup mugihe ariwe yaheruka kwiyamiriza ingingo yo gutanga indirimbo biciye kur’uwo muhora igihe vyari vyabaye agahararo k’abaririmvyi batandukanye, bukaba bwatanzwe n’inomero yanditseko izina rya Sat b.

Ikanyamakuru canyu NGM257 cakurikiranye uvy’ubwo butumwa, amakuru dukesha uwukurikirana ibikorwa vya Sat b ariwe Kent P arabeshuza ati:”Uyo si Sat b,ahubwo nuwushaka kwonona izina rya Sat b, kuko umukunzi wiwe w’ukuri ivyo ntanivyo yoniyumvira.” Nayo Sat b wewe ati:”Uwabivuze nibamurondere, Jewe ndakuze ivyo ntavyo nokora, sindi umunyashari nkuko abantu bavyiyumvira, abanyeshari ntibatera imbere.”

Raba Amasanamu ya KONZI Aha hepfo. Ntiwibagire gusangira Iyi nkuru n’abandi.

 

 

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat