Msamaria Danielo ngo Abatunganya ibiteramo mu Rumonge nibo bariko basubiza umuziki inyuma

Spread the love

Msamalia Danielo arababazwa n’abatunganya ibiteramo mu ntara ya Rumonge, ngo bironderera amasigise nukumenyekana kandi ngo nibobafashe inzira ya mbere mugusubiza hasi umuziki wo mu ntara yiwe.

Uwo muririmvyi avuka mu ntara ya Rumonge Musamariya Danielo yaraye ashize kumugaragaro bimwe mu bintu biriko bisubiza umuziki wo mu ntara yiwe ya Rumonge inyuma.

Kubwa Musamariya ngo abasubiza umuziki wo mu Rumonge inyuma ngo n’abatunganya ibiteramo bitandukanye mur’iyo ntara aho badaha agaciro abaririrmvyi bo mur’iyo ntara kuko ngo babakoresha mubiteramo atagahembo babahaye kandi ngo mugutegura indirimbo zabo bibatwara uburyo bwinshi.

Ivyo Musamariya akaba yabishikirije abicishije kurubuga rwiwe rwa whatsapp Status ngo ni bimwe mubintu yaneguye canee mu mwaka wa 2018.

Musamariya numwe mu baririmvyi babavuka ntara ya Rumonge bagerageje kurwanira iterambere Ry’umuziki wo mu ntara ya Rumonge aho amenyesha ko mu mwaka wa 2015,2016 na 2017 umuziki wo mu Rumonge warufise inshusho nziza y’iterambere mu gihugu cose c’uburundi.

“batwima amafaranga y’agafanta tunywera murivyo biteramo vyabo ariko bagatanga ama miriyoni kubaririmvyi bavuye hanze ya Rumonge kandi atabintu bishasha babazanye mu ntara yacu”, Musamariya Danielo.

Twobamenyeshako mu ntara ya Rumonge hategekanijwe ibiteramo bibiri vy’ukurangiza uno mwaka wa 2018 aho hatumiwe umuririmvyi Big Fizzo mu giteramo ciswe KONZI CONCERT, hakaba hategekanijwe n’ikindi giteramo ciswe RUMONGE STAND UP FESTIVAL categuwe na Tigger Brizz aho yatumiye abaririrmvyi bose bo mu ntara ya Rumonge.

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat