News/ Akes Don: ukaba uri uwambere mu gihugu sohoka umenyekanishe uburundi mu makungu bamenye ko ur’uwambere mu Burundi

Spread the love

Inyuma yo kubona ko ibihangange mu muziki ndundi babandanya biha ibibanza bitandukanye kandi vy’imbere, abakunzi b’umuziki bamwe bamwe bakibaza ibibazo bitandukanye kubw’urunganwe rushasha ruriko rurakora rutiziganya mu gukora ibikomeye mukugira ibendera riduge rihungabane mukirere, umuziki wacu uhabwe ikibanza mu makungu.

Mu kiganiro Break time show gica kuri NGM TV257 kiremeshwa na Peniel aho yari yagendeye Akes Don, hibonekeje iyindi sura mu nyishu yagiye aratanga aho yashoboye kuvuga ngo:”abandi baririmvyi bo mu bindi bihugu ububaririmba bashaka ineza yabandi kuko batahura ico barikandi bazi ko bihwezwa na bose natwe tukarwanira kwitwa uwa mbere mu gihugu?”, ntiyahagarikiye aho kuko biraboneka ko hari akantu kamubabaza yaciye yongera ati:”ukaba uri uwambere mu gihugu sohoka umenyekanishe uburundi mu makungu bamenye ko ur’uwambere mu Burundi, apana kubandanya umenyekanisha uburundi mu burundi”

ushaka kwumviriza interview yose yikurikirane uciye ngaha

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat