NGM257

News | Esther Nish tumwitegeko bishasha biva muri Kenya arikumwe na Kidum

Spread the love

Umuririmvyikazi Esther Nish asanzwe ahurikiye muri management ya Hope talent irongowe na Robert Pro yaraye afashe urugendo rumushikana mu gihugu ca Kenya ahasanzwe haba umuririmvyi mugenziwe kidum mu ntumbero yo gukorana igikorwa gishasha.

Nkuko tubimenyeshwa na Robert Pro manager wiwe aremeza yuko uwo muririmvyi atari mugihugu c’Uburundi muri ino misi ko yagiye gukora igikorwa gikomeye cane arikumwe na Kidum, Arongerako kandi ati ibi vyose vyatanguye inyuma yaho Esther Nish akoreye cover yindirimbo telenovela yaririmbwe na kidum isanzwe ikunzwe muri kino gihe ngo mu ntumbero yo kumushimira nka mushikiwe ndetse nkumuririmvyi mugenziwe kidum yamwemereye collabo iyo nayo ikaba yatanguye gukorerwa muri Hope talent studio na Robert Pro nk’umuhinyanyuzi.

Aravuga kandi ko project isa niyahez hasigaye gushiramwo amajwi ya kidum akongera akavuga ko mugihe hari ivyogorana mubijanye nugutegura iyo ndirimbo Robert Pro ubwiwe yosanga Esther Nish muri Kenya kugira ico gikorwa kigende neza.

Musanzwe muzi ko Esther Nish atandirimbo nimwe ifise amasanamu arakorera muri Hope talent ariko audio zozo zikaba zihari aho twovuga nka “Warandoze” na “Nyiganga” ivyo manager wiwe akavuga ko iyi bakoranye na kidum bizeye kuzoyitangana namasanamu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP2FB Auto Publish Powered By : XYZScripts.com