NGM257

News| JeanJos parfait umuririmvyi dukwiye kwitegako ibintu vyinshi

Spread the love

 Inyuma yo kwifatanya na Grand pictures inzu isanzwe ihinyanyura amasanamu irongowe na Landry sibomana, Umuririmvyi JeanJos parfait abandanya akora ibikorwa vyinshi kandi biteye igomwe.

Aha twovuga nkindirimbo yise “Urakoze Mana” yasohotse mu kwezi kwa mbere igasohokana namasanamu indirimbo yakunzwe cane kko bivanye nubutumwa burimwo bwumusore ninkumi bemeranije gushinga urwabo imbere yimana nabantu.

Mu kwezi kwa gatatu yashize ahabona indirimbo yise “Uwera” audio yonyene aho namasanamu yayo yemeza ko atari kure cane kko ngo yishimira uko abarundi bariko barakira indirimbo ziwe.

Uwo musore yahoze aririmbira hamwe n’abandi bimwe twita choral akaba ashima cane intambwe agezeko kuva atanguye kuririmba wenyene “Solo artist” agahamagarira abarundi nabanyamahanga kumushigikira mu muziki wiwe.

Twobibutsa kandi ko iruhande yo kuba aririmba asanzwe akora akazi ko kwitaho amagara yabantu (umuganga) akaba mbere anabifitiye urupapuro rw’umutsindo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP2Social Auto Publish Powered By : XYZScripts.com