Sport | Ishaka rya Shaka Bienvenue ntiryashitse

Spread the love

 

Mu gihe umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba usigaje imisi mike ngo uje kwerekana icumaze mu mahiganwa y’igikombe ca Africa c’abari musi y’imyaka mirongo ibiri (CAN U20) kizobera mu gihugu ca Niger mu kwezi kwa ruhuhuma umusatirizi Shaka Bienvenue asanzwe akinira umugwi Etoile de Sahel yo muri Tusinie vyaramenyekanye ko atazojana n’abandi nkuko vyari vyitezwe

Mu kiganiro uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yatanze ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wambere igenekerezo rya 21 Nzero 2019 yari yavuze ko uyu musore afise imvune atazojana nabandi muri iryo higanwa rizotangura igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019

Ku musi w’ejo vyagaragaye biciye ku mbuga ziwe ngurukana bumenyi ko yamaze kugirirwa operation kandi igihe azomara muri iyo mvune yiwe kikaba kitaramenyekana

Twobibutsa ko uyu musore yakiniye imirwi itandukanye yaha iwacu mw’ishiganwa ryo mu cicaro cambere Primus League imbere yuko Etoile du Sahel yo muri Tunisie imugomwa.

You May Also Like

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

WP Facebook Auto Publish Powered By : XYZScripts.com
WhatsApp chat